Uko wahagera

Icikekwa kw’ari Indege Itagira Umudereva y’Abanyamerika, Yarasambukiye mu Bumanuko bwa Somalia

  • VOA Africa

Ikarata ya Somalia

Ikarata ya Somalia

Abategetsi bo muri iyo ntara n’abarwanyi b’umurwi al-Sahabab, bavuga kw’iyo ndege yasambukiye hafi y’ahitwa Bulo Marer, mu ntara ya Lower Shabelle, ejo ku musi wa kabiri.

Bulamatari w’intara ya Lower Shabelle, Abdikadir Mohamed Nur, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, kw’abarwanyi b’umurwi al-Shabab, barashe iyo ndege na missile zikorora indege, imbere yuko isambuka.

Umurwi al-Shabab, mu butumwa washize kuri Twitter, ntiwiyitiriye ikororwa ry’iyo ndege. Uwo murwi watangaje ko wafashe ibisigarira vyayo, ubijana mu kibanza cihereye.

Naho Reta Zunze Ubumwe Za Amerika zitaganira, ivyerekeye ibikorwa vyazo vy’ukurwanya iterabwoba muri Somalia, indege zitagira abadereva zarakoreshejwe, mu gikorwa c’ugukwirikirana, n’ukwica abikekwa kw’ari abarwanyi b’umurwi al-Shabab.
XS
SM
MD
LG