Uko wahagera

Uburusiya Butangaza ko Missile Zirasa Indege Buzoha Syria, Zizobuza Ibitero vy’Abanyamahanga Kuba


Icegera c'Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Ryabkov
Icegera c'Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Ryabkov
Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Ryabkov, yatangaje kw’abategetsi b’Uburusiya, bafise imigambi y’uguha igihugu ca Syria ibigwanisho bikomeye, bijejwe kurasa indege z’ingwano, kugira bitume ingingo za gisirikare z’abanyamahanga, zijejwe gukuraho Reta y’igihugu ca Syria, zitafatwa.

Sergei Ryabkov yatangaje, ejo ku musi wa kabiri, kw’umugambi w’uguha ivyo birwanisho, missile S-300 zijejwe kurasa indege , Reta ya prezida wa Syria, Bashar al-Assad, bizofasha igihugu ca Syria.

Yabwiye abamenyeshamakuru, kw’abategetsi b’Uburusiya bemera kw’igurishwa ry’ivyo birwanisho, bizotuma abanyamahanga batiyumvira kurunguka inteko, mu ngwano iriko ibera mu gihugu ca Syria.

Yamara nta kimenyetso Ryabkov yatanze, ku vyerekeye igihe Uburusiya buzorungikira Syria ivyo bigwanisho.

Abategetsi b’igihugu ca Syria bateye igikumu, ku masezerano y’ukugura ivyo birwanisho, haraheze imyaka itari mike.

Israel na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyasavye Uburusiya kutarungikira ivyo birwanisho Syria, kubera ubwoba kw’ivyo birwanisho bizogeramira umutekano w’igihugu ca Israel, kandi bishobora kugeramira ingingo ya gisirikare iyariyo yose bashobora gufata, mu gihugu ca Syria.
XS
SM
MD
LG