Uko wahagera

Brezil Yaroroheje Umuzigo w’Ideni, Ku Bihugu 12 vyo muri Afrika


Prezida wa Brezil, Dilma Rousseff
Prezida wa Brezil, Dilma Rousseff
Reta y’igihugu ca Brezil, yatangaje kw'ifuse canke igiye gusubiramwo gushasha ideni rigera ku miliyoni amajana icenda y’amadolari, ico gihugu gifitiwe n’ibihugu cumi na bibiri, vyo muri Afrika.

Iryo tangazo, ryaje mu gihe prezida w’igihugu ca Brezil, Dilma Rousseff, yari yitavye inama y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, i Addis Abeba, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia.

Kworohereza amadeni, biri mu mugambi w’igihugu ca Brezil, w’ugukomeza imigambi yerekeye iterambere, nk’amabarabara, uburimyi, n’imigambi ijanye n’ivyerekeye imibano, mu karere ka Afrika.

Igihugu ca Brezil, ni kimwe mu bihugu bifise ubutunzi bukomeye cane kw’isi.
XS
SM
MD
LG