Uko wahagera

Senateri wo muri Amerika, John McCain, Yarinjiye mu Gihugu ca Syria, Kubonana n’Abarwanya Ubutegetsi

  • VOA Africa

Senateri John McCain

Senateri John McCain

Umusenateri akomeye w’Umunyamerika, John McCain, yaragize urugendo rutatangajwe, mu gihugu ca Syria, kubonana n’abarwanya ubutegetsi, bamaze imyaka ibiri, bagerageza gutembagaza prezida wa Syria, Bashar al-Assad.

Abafasha ba McCain, batangaje ko Senateri McCain, yinjiye mu gihugu ca Syria avuye, mu gihugu ca Turkiya, ari kumwe n’umusirikare mukuru ayoboye abrwanya ubutegetsi bwa Syria, General Salam Idris, ejo ku musi wa mbere, akaba yamaze amasaha atari make ku butaka bwa Syria, imbere yuko agaruka, mu gihugu ca Turkiya.

McCain numwe mu bashingamateka, muri Amerika, bagiye imbere y’abandi, mu gutera akamo kuko Amerika yofasha kurushiriza abarwanya ubutegetsi, mu gihugu ca Syria.

McCain yabaye umwe mu baategetsi bakomeye cane, bo muri Amerika, binjiye muri Syria, kuva umugumuko w’ugukura ku butegetsi prezida Assad uvuyemwo ingwano, inyuma y’imyiyerekano yabaye mu mahoro, mu kwezi kwa gatatu, mu mwaka w’2011.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru, co kuri internet, The Daily Beast, General Salam Idris, yatangaje ko John McCain yabonanye n’abarwanya ubutegetsi bwa Syria, Free Syrian Army, bari ku mpande zose z’urubihe, hagati ya Turkiya na Syria.

Idris avuga kw'abarwanya ubutegetsi, bavuye mu bice bitandukanye vy’igihugu ca Syria, kugira babonanne na Senateri, McCain.
XS
SM
MD
LG