Uko wahagera

Abarwanyi b’umurwi, al-Shabab, Bariyitiriye Igitero ku Biro vy’Igipolisi, muri Kenya

  • VOA Africa

Umukuru w'Umurwi Al-Shabab muri Somalia Asaba abarwanyi b'uwo murwi kugira ibitero mu gihugu ca Kenya

Umukuru w'Umurwi Al-Shabab muri Somalia Asaba abarwanyi b'uwo murwi kugira ibitero mu gihugu ca Kenya

Umurwi w’abarwanyi muri Somalia, al-Shabab, wariyitiriye igitero cihaye inkumbi, cabereye ku biro vy’igipolisi, mu gihugu ca Kenya, cahitanye abantu batandatu canke barenga.

Ico gitero cabaye, ku musi wa gatandatu, ku mugoroba, ku biro vy’igipolisi, ku nkengera z’ahitwa Damajelay, hafi y’urubibe hagati y’igihugu ca Kenya na Somalia.

Umutegtsi wo mu gihugu ca Kenya, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, kw’abapolisi batatu bari mu bapfuye, abandi babiri irengero ryabo rikaba ritazwi.

Mw’itangazo, ryashizwe ku kibanza ca Twitter, ejo ku musi w’Imana, abarwanyi b’umurwi al-Shabab baremeje ico gitero, mu kuvuga ko banyuruje Abanya Kenya babiri, babajana muri Somalia.

Umurwi al-Sahabab watangaje kandi ko wafashe ibigwanisho, amasasi, n’ibikoresho vy’uguhanahana amakuru, muri ico gitero.
XS
SM
MD
LG