Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama, Yaragendeye Igisagara co mu Ntara ya Oklahoma, Casinzikajwe n’Igihuhusi Gikomeye, aho Yemeye Gutanga Infashanyo


Prezida Barack Obama ariko araba ivyononekaye kw'ishule ntoyi ya Plaza Towers Elementary School bitumwe n'igihuhusi gikomeye cane cabaye mu ndwi iheze, ari kumwe n'abategetsi b'iryo shule, ejo ku musi w'Imana, italiki 26, z'ukwezi kwa gatanu mu mwaka w'2013, mu gisagara ca Moore, mu ntara ya Oklahoma.
Prezida Barack Obama ariko araba ivyononekaye kw'ishule ntoyi ya Plaza Towers Elementary School bitumwe n'igihuhusi gikomeye cane cabaye mu ndwi iheze, ari kumwe n'abategetsi b'iryo shule, ejo ku musi w'Imana, italiki 26, z'ukwezi kwa gatanu mu mwaka w'2013, mu gisagara ca Moore, mu ntara ya Oklahoma.
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yaragendeye igisagara ca Moore, cageramiwe n’igihuhusi gikomeye cane, mu ntara ya Oklahoma, ejo ku musi w’Imana, aho yafashe mu mugongo yongera yemerera infashanyo ya Reta, yo mu gihe kirekire kiri imbere, abarokotse kuri ico gihuhusi gikomeye cane, cabaye mu ndwi iheze, cahitanye abantu mirongo ibiri na bane.

Mw’ijambo yashikirije, ari i ruhande y’ibisigarira vy’ishule ntoyi, mu gisagara ca Moore, ejo ku musi w’Imana, prezida Obama yatangaje bitoroshe kwumva ivyononywe n’ico gihuhusi kidasanzwe. Cumi mu bantu bapfuye bari abana, harimwo abanyeshule indwi bari muri iryo shule, igihe ico gihuhusi caduka.

Ico gihuhusi cakomerekeje kandi abantu amajana atatu na mirongo irindwi n’indwi, congera gisambura amazu igihumbi n’amajana abiri, ishule ritoyi n’ibitaro.

Ivyononekanye bivurwa ko biri hafi y’imiliyardi zibiri z’amadolari.

Ari kumwe na bulamatari w’intara ya Oklahoma, Mary Fallin, n’abandi bategetsi, prezida Obama yasavye abanyagihugu guha infashanyo ishirahamwe rijejwe gufasha, Croix Rouge, ryo muri Amerika, kugira bifashe igisagara ca Moore gusubira kunaguka.

Yongeye yemerera ababa muri ico gisagara, basinzikajwe bikomeye n’igihuhusi gikomeye cane, cabaye mu ndwi iheze, ko bazoronka infashanyo itanzwe n’ibiro vya Reta ya Amerrika, bijejwe ibihe bidasanzwe., mu mpfunyapfunyo, FIMA.
XS
SM
MD
LG