Uko wahagera

Umusirikare W’Umufaransa, Yaratewe Hafi ya Paris


Umusirikare w'Umufaransa, yaracumiswe imbugita
Umusirikare w'Umufaransa, yaracumiswe imbugita

Umugabo afise urusu amahanga, yararusogose umusikare w’umuFaransa mw’izosi, muri quartier iri hafi y’umurwa mukuru Paris.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abapolisi, Christophe Crepin, yaravuze ukuntu uyo mugizi wa nabi yari yambaye. Yavuze kw’ar’umugabo muremure, yambaye agashati kera hamwe n’ibirato vya sport.

President w’igihugu c’Ubufaransa, Francois Hollande yavuze kw’abategetsi bariko bararondera iyo nkozi y’ikibi, kandi bariko baratohoza, kugira bamenye niba ubwo bwicanyi bufitaniye isano n’ubwicanyi nk’ubwo, bwakozwe ku musirikare w’Umwongereza. President Hollande yashikirije ayo majambo ari mu gihugu ca Ethiopia, aho yari yitavye ibirori vyo guhimbabaza imyaka 50, ishirahamwe rya Afrika rimaze.

Abategetsi bo mu gihugu c’Ubufaransa, bavuga kw’uyo musirikare, yasogoswe imbugita yariko aracungera imangazine zo muri quartier yitwa La Defense, ari kumwe n’abandi basirikare babiri, azorusimba.

Ubwo bugizi bwa nabi bwatumye abantu bibaza ko bwoba bumeze nk’ubwicanyi bwabaye mu gihugu c’Ubwongereza, bwahitanye ubuzima bw’umusirikare w’Umwongereza mu gisagara ca Londres, bwabaye ku musi wa gatatu ku murango.
XS
SM
MD
LG