Uko wahagera

Kwubahiriza Agateka Ka Zina Muntu, Muri Nigeria

 President w'igihugu ca Nigeria Goodluck Jonathan (mu buryo) hamwe na mugenziwe w'igihugu ca Tanzania Jakaya Mrisho Kikwete, bari mu birori vyo guhimbaza imyaka 50 irangiye, ishirahamwe rya Afrika rishinzwe, vyabereye i Addis Abeba, ku murwa mukuru w'igihugu ca Ethiopia, kw'igenekerezo rya 25 ry'ukwezi kwa gatanu, umwaka w',2013.

Secreteri wa Departemeny ya Amerika, John Kerry yarateye akamo abategetsi bo mu gihugu ca Nigeria, Kuwbahiriza agateka ka zina muntu.

Yasavye abategetsi b’igihugu ca Nigeria gukora ibishobotse vyose kugira ngo agateka ka zina muntu, aogume kubahirijwe n’ igihe cose bazoba bariko baratana mu mitwe n’abarwanyi bo mu muhari Boko Haram.

Mu gihugu ca Ethiopia aho yari mu birori vyo guhimbaza imyaka 50, ishirahamwe rya Afrika rimaze, umushingantahe Kerry yavuze kw’abategetsi bo mu gihugu ca Nigeria hamwe n’abategetsi bo muri reta zunze ubumwe za amerika, bavuganye ku vyerekeye igikorwa gihambaye c’abasirikare b’igihugu ca Nigeria co gukora ibishobotse vyose kugira ngo agateka k’abacivile kazogume kubahirijwe.

Umushingantahe Kerry yavuze ko president w’igihugu ca Nigeria, Goodluck Jonathan akwiye gukezwa ko yasavye ko hoba itohozwa ryerekeye ibirego bivuga kw’abajejwe umutekano, bashobora kuba barigengejeje nabi.

Umushingantahe Kerry yarabonanye kandi mu gihe c’akanya gatoyi n’umukuru w’igihugu ca Nigeria, inyuma y’ibikorwa vy’iyo nama, yabereye mu ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba, ejo ku musi wa gatandatu.

Aho nyene I Addis Abeba, umushingantahe Kerry, yarakoresheje ibiganiro vyerekeye umutekano hagati ya Sudani hamwe na Sudani yo mu bumanuko; ibiganiro vyari bifise umugambi wo guikomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri, hamwe no kugabanya indyane ziri hagati yavyo.
XS
SM
MD
LG