Uko wahagera

Marguerite Barankitse Muri Kaminuza Duke Na Emory


Maggy Barankitse
Doctor of Humane Letters
Maggy Barankitse Doctor of Humane Letters

Muri reta zunze ubumwe, ukwezi kwa gatanu, n’ukwezi gukomeye cane muri za kaminuza zose,.

Ni mur’uko kwezi cane cane aho usang kaminuza ziha impapuro z’umutsindo, abanyeshule baheje amashule, haba abahejeje imyaka ine ya mbere, canke abaminuje gushika muri za Maitrise, ingeniorat hamwe n’izindi mpapuro z’umutsindo zikomeye.

Hariho kandi n’urundi rwego rw’impapurozo z’umutsindo, bita Doctorat Honoraire, ishule kaminuza iyariyo yose yo muri reta zunze ubumwe za amerika, ishobora guha, umuntu wese yabaye kirangiranwa, haba mu bushashatsi yakoze, canke ku buntu bwiwe kirangiranwa:

Ku musi wa mungu, twari twishikiye mur’imwe mur’izo kaminuza, ariyo Duke University.

Mur’urwo rwego rero rw’abantu baronka impapuro z’umutsindo zikomeye, bita Doctorat Honoraire, kubera ibintu vy’akataraboneka baranguye mu buzima bwabo ku musi wa mungu, muri Kaminuza, Duke University, harimwo umufasoni ava mu Burundi, Marguerite Barankitse, arongoye ikigo bita “Maison Shalome.”

President w’iyo kaminuza, Richard H. Brothead niwe yashikirije urwo rupapuro rw’umutsindo, umufasoni Maggy Barankitse, yakejwe cane gose ku ruharara yagize mu gukingira abana bose bava mu bwoko butandatukanye, cane cane impfuvyi, igihe abo bana bari bageramiwe n’ibiza bitandukanye.

Duke University iri mu ntara ya North Caroline, yarashikirije rero umufasoni Marguerite Barankitse, diplome yamuhaye icubahiri co kwitwa, Doctor of Humane Letters, mu rurimi rw’icongereza.

Abandi bantu ba kirangiranwa, baronse agashimwe nk’ako bahawe n’iyo kaminuza Duke University, ni Thomas, M Gorrie, David Sean Ferriero, Professor kirangiranwa, Henry Louis Gates, Jr., William Hunt Gross, umutamvyi yabaye kirangiranwa mu gutamba, Judith A. Jamison hamwe na Melinda Gates, umutambukanyi wa Bill Gates.

Aho arangirije kuronka ako gashimwe ahawe na kaminuza, Duke University, umufasoni Margarite Barankitse yaciye afata indege imujana mu gisagara ca Atlanta mu ntara ya Georgia, aho yar’agiye kuronka urundi rupapuro rw’umutsindo, ahawe na kaminuza ikomeye yo mur’ico gisagara, yitwa Emory University.

Twaraganiye n’umufasoni Margueritse Barankitse, araheza aratubwira akanyamuneza yar’afise:

Mushobora kwumviriza ikiganiro:
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:26 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG