Uko wahagera

Amerikan’Uburusiya Vyarumvikanye, ku Biganiro Mpuzamakungu kuri Syria

  • VOA Africa

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, ari kumwe na Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry i Moscu, kw'italiki indwi z'ukwezi kwa gatanu, mu mwaka w'2013

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, ari kumwe na Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry i Moscu, kw'italiki indwi z'ukwezi kwa gatanu, mu mwaka w'2013

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya vyarumvikanye, ku vyerekeye kugerageza gutegura ikoraniro mpuzamakungu, ku gihugu ca Syria, ryoba ririmwo abarwanya ubutegetsi bwa Syria, n’abaserukira Reta.

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yarabonanye, ejo ku musi wa kabiri, i Moscou ,ku murwa mukuru w’Uburusiya, na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov. Yatangaje kw’ibiganiro mw’ikoraniro mpuzamakungu, ku gihugu ca Syria, vyoba bigenewe gushiraho ikiringo nfatakibanza ca politike, mu gihugu ca Syria.

John Kerry, yatangaje kw'ibiganiro vyoba bivuye muri iryo koraniro vyogira ingaruka, ku ngingo ya Amerika, ku vyuko nimba yoha ibirwanisho abatavuga rumwe na Reta.

Yavuze kw’ubundi buryo bwosubirira ikiringo nfatakibanza ca politike, bwoba ubwicanyi n’uruhagarara kurushiriza, n’ugushobora kwicamwo ibice kw’igihugu ca Syria.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yavuze kw’ikoraniro mpuzamakungu, ku gihugu ca Syria, ryotegerezwa kuba mu buryo bwihuta bushoboka.
Yatangaje kw’Uburusiya butewe impungenge n’ibiriko bishikira AbanyaSyria.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’Uburusiya ntivyumvikanye, ku vyerekeye ukugene vyovyifatamwo, ku vyerekeye igihugu ca Syria, kuva ingwano yaduka muri Syria, haraheze imyaka ibiri.
XS
SM
MD
LG