Uko wahagera

Umwihevyi Yari Afise Bombe mu Modoka, Yarayiturikije Ahitana Abantu Umunani, muri Somali

  • VOA Africa

Ikarata ya Somalia

Ikarata ya Somalia

AbanyeSomalia umunani, canke barenga, barishwe, ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho, inyuma yuko umwihevyi yari afise imodoka yarimwo amabombe asetse imodoka, zari zitwaye abategetsi baserukira igihugu ca Qatar.

Abategetsi bavuga kw’abo bategetsi, baserukira igihugu ca Qatar, bari mu modoka z’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati, ataco babaye, muri ico gitero ca bombe, bakaba barabandanije gushika kw’ihoteri yabo.

Umurwi w’abarwanyi bakorana n’umurwi al-Qaida, al-Shabab, wariyitiriye ico gitero cabaye, ejo ku musi w’Imana, ku murwa mukuru, Mogadisho.

Naho batakaje ibice bitari bike, hagati no mu bumanuko bwa Somalia, ku nteko z’ishirahamwe ry’ibihugu ya Afrika, n’inteko za Reta ya Somalia, abarwanyi b’umurwi al-Shabab, barabandanya kugira ibitero.

Mu kwezi guheze, abantu barenga mirongo itatu barapfuye, igihe abarwanyi b’umurwi al-Shabab, batera ikibanza kirimwo sentare ntahinyuzwa y’igihugu, ku murwa mukuru, Mogadisho.
XS
SM
MD
LG