Uko wahagera

Urunani rw’Imigambwe Imaze Igihe Kirekire Iyoboye Igihugu ca Malaysia, Yaratsinze Amatora y’Abashingamateka

  • VOA Africa

Umushikiranganji wa mbere wa Malaysia, Najib Razak, ari mu gikorwa c'ukwiyamamaza

Umushikiranganji wa mbere wa Malaysia, Najib Razak, ari mu gikorwa c'ukwiyamamaza

Abategetsi bajejwe amatora, batangaje kw’urunani rw’imigambwe iri ku butegetsi, yatsinze amatora y’abashingamateka, inyuma y’ihiganwa rikomeye n’urunani rw’abatavuga rumwe na Reta, bongereje inguvu zabo.

Ivyavuye mu matora vyo mu ntango, vyerekana kw’urunani rw’umushikiranganji wa mbere, Najib Razak, rwatsindiye ibibanza 112, ku bibanza amajana abiri na mirongo ibiri na bibiri, mu nama nshingamateka, mu gihe urunani rw’imigambwe itatu itavuga rumwe na Reta, rwatsindiye ibibanza mirongo itanu n’indwi.

Amasaha makeyi inyuma yuko ibibanza vy’amatora vyugaye, ejo ku musi w’Imana, umuyoboye abatavuga rumwe na Reta, Anwar Ibrahima, mu butumwa bwashizwe ku kibanza ca Twiter, yatangaje kw’urunani ayoboye rutazokwemera ivyavuye mu matora, gushika abategetesi bajejwe amatora basiguye ivyagirizo vy’uko habaye ubusuma, mu matora. Nta birenga ngaho yatangaje.

Abantu barenga imiliyoni cumi baratoye, mu gihe abitavye amatora bageze, ku bice mirongo umunani kw’ijana.
XS
SM
MD
LG