Uko wahagera

Indege Igendeshwa N’Izuba, Yarashitse muri Phoenix


Umudereva w'iyo ndege igendeshwa n'ubushobozi buva mu mishwarara y'Izuba Andre Borschberg ( Mu Buryo) hamwe na Bertrand Piccard, bariko baraganira

Umudereva w'iyo ndege igendeshwa n'ubushobozi buva mu mishwarara y'Izuba Andre Borschberg ( Mu Buryo) hamwe na Bertrand Piccard, bariko baraganira

Umudereva w’Umusswisse yarurutse n’indge yariko aratwara mu gisagara ca Phoenix, mu ntara ya Arizona.

Iyo ndege yururutse mur’ico gisagara co mu bumanuko bushira uburengero bwa reta zunze ubumwe za amerika, ku kibanza c’indege ca mbere, uyo mudereva aciyemwo, mu rugendo ruzomushikana mu ntara zitandukanye zo muri amerika, ariko atwara iyo ndege igendeshwa na energie solaire, arivyo twokwita, ubushobozi buvuye mu mishwarara y’izuba.

Uyo mudereva yiyemeje kugerageza ubwo buhinga bushasha, Bertrand Piccard, yururutse ku kibanza c’indege isaha sita z’ijoro mu mwijima: bwari ubwa mbere indege itwarwa na energie solaire iguruka ku murango hamwe no mw’ijoro.

Urwo rugendo rwari rumuvanye mu ntara ya North Carolyne, rwafashe amasaha 20, kuko indege yagenda ibirometero 49 kw’isaha.

Umushingantahe Piccard hamwe n’uwundi mudereva agira kabiri, Andre Borschberg, bazoguma bakiranwa, bakaba bazomara igihe kirekire mu gisagara ca Phoenix, Dallas, St. Louis na Washington, imbere y’uko bafata urugendo rwa nyuma ruzobashikana mu gisagara ca New York mu kwezi kuza.
XS
SM
MD
LG