Uko wahagera

President Obama Arashigikiye Ko Israeli Cikingira


Igihugu ca Israel kiriko gitera ikibanza kirimwo ibigwanisho mu gihugu ca Syria
Igihugu ca Israel kiriko gitera ikibanza kirimwo ibigwanisho mu gihugu ca Syria

President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama avuga kw’igihugu ca Israeli gifise uburenganzira bwo kwikingira ibigwanisho.

Ibigwanisho president yariko aravuga n’ibigwanisho bishobora kurungikirwa imirwi ikora ibitero vy’iterabwoba, irimwo umurwi Hezbollah.

Mu kiganiro president Obama yatanze kuri television itangaza amakuru mu rurimi rw’ikispagnol Telemundo, ntiyatomoye ngo avuge ku makuru y’ibitero vy’indege vy’igihugu ca Israeli kuri missile z’igihugu ca Syria ngo zari kurungikirwa umuhari Hezbollah. Yavuze kw’akwiye kureka igihugu ca Israeli, akaba arico cemeza canke gihakana ayo makuru.

Amakuru yavuye mu gihugu ca Israeli yatangajwe n’abategetsi batashatse kw’amazina yabo amenyekana, avuga kw’igihugu ca Israeli carashe ku bigwanisho vya missile vyari vyagenewe umurwi Hezbollah ufise icicaro mu gihugu ca Libani, ku musi wa kane ku mugoroba.

Abo bategetsi bavuga kw’ivyo bitero vy’indege vyarashwe ku ruzu rushinguwemwo izo missile zari kurungikirwa uyo murwi.

Nta kintu na kimwe cerekana kw’indege z’igihugu ca Israeli zinjiye mu kirere co mu gihugu ca Israeli.
XS
SM
MD
LG