Uko wahagera

Umugambwe ANC Uvuga ko Mandela Ameze Neza


President w'igihugu ca African y'Epfo Jacob Zuma
President w'igihugu ca African y'Epfo Jacob Zuma

Television yo mu gihugu ca Afrika y’Epfo yarerekanya amasanamu ya president Nelson Mandela, afise amagara makeyi.

Bwari ubwa mbere agiye ahabona kuva yinjiye mu bitaro mu kwezi guheze.

Ayo masanamu yarerekanye umushingantahe Mandela yicaye mu ntembe, atariko aratwenga, afise uburengeti bumufuka amaguru, igihe abaganga biwe hamwe n’abanyapoltike, barimwo president Jacob Zuma, bariko baramuganiriza kandi bifotoza, bari kumwe.

Umushingantahe Zuma yabwiye umumenyeshamakuru kw’umushingantahe Mandela ameze neza.

Yamara abanyagihugu benshi bo muri Afrika y’Epfo bandiitse amakuru mu bibanza vyinshi vyo kwandikirako amakuru, bavuga ko babonye umushingantahe Mandela afise imyaka 94 mur’iki gihe, afise amagara makeyi cane, bongera barega umugambwe uri ku butegetsi ANC kw’ uriko uramukoresha.

Umugambwe uri ku butegetsi mu nyuma wavuze kw’ushigikiye ivyashikirijwe na president igihe yavuga kw’umushingantahe Mandela ameze neza, ngo naho asa n’uwufise amagara makeyi
XS
SM
MD
LG