Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w’Igihugu ca Syria Yararusimvye, ku Gitero ca Bombe


Ikarata y'igihugu ca Syria n'akarere
Ikarata y'igihugu ca Syria n'akarere
Igihugu ca Syria catangaje kw’umushikiranganji wa mbere, Wael al-Halqi, yarokotse igitero ca bombe cagizwe, ku mudoka zari zimuherekeje, ku murwa mukuru Damas, igitero ca nyuma carondera abategetsi bakomeye, muri Reta ya Prezida Bashar al-Assad.

Ibinyamakuru, Radiyo na Televiziyo vya Reta, vyatangaje kw’ico gitero ca bombe cabaye, ejo ku musi wa mbere ,mu gice ca Mazzeh, mu gice co mu burengero bw’umurwa mukuru, Damas, cahitanye abantu, yamara umushikiranganji wa mbere ntaco yabaye.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu mu gihugu ca Syria, The Syrian Observatory for Human Rights, ryatangaje kw’ico gitero ca bombe cahitanye abantu batandatu, harimwo abasivile batanu.

Amasanamu kuri televiziyo ya Reta yerekanye imodoka zononekaye bikomeye.

Abategetsi b’igihugu ca Syria, bagirije abagira iterabwoba kuri ico gitero, ijambo bakoresha kenshi mu kuvuga abariko barwana, kugira bakureho intwaro ya prezida Assad.

Ukugerageza kugandagura umuhsikiranganji wa mbere w’igihugu ca Syria bije, mu gihe abategetsi ba Amerika, n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, bariko barondera kuronka ivyemeza amakuru yuko intwaro ya prezida Assad yakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka, ku banyagihugu.
XS
SM
MD
LG