Uko wahagera

Abanyagihugu Bariyamirije Abategetsi muri Sudani


President wa Sudani Omar al-Bashir
President wa Sudani Omar al-Bashir

Imodoka zikwirikirana z’abategetsi, zaratwe amabuye mu ntara yo mu buraruko bwa Sudani.

Abanyagihugu amajana n’amajana bariko baragira imyiyerekano mu ntara ya Kordofan yo mu buraruko bw’igihugu ca Sudani, barateye amabuye imodoka za reta zikwirikirana, kubera barega abategetsi bo muri reta ko bananiwe kubakingira ibitero , abarwanya ubutegetsi bari bakoze imbere y’aho.

Abasore n’inkumi bashika 300 barakoraniye mu gisagara ca Um Rawaba mu mugambi wo kwiyamiriza bulamatari Murghani Hussein Zaki-Adeen, yari yaje mur’ico gisagara kwirabira amabi yakozwe n’abarwanya ubutegetsi mu gitero bazoze ku musi wa gatandatu.

Abo bantu bariko baragira imyiyerekano, baraturiye kandi inyubwa za reta zitari nke.
Abarwanya ubutegetsi mu ntara ya Darfur yasinzikajwe n’ingwano, bavuga ko bakoze ico gitero ku musi wa gatandatu, mu mugambi wo gutembagaza reta ya Sudani.
Igisagara ca Um Rawaba, n’igisagara kigira kabiri mu bunini mu ntara ya Kordofan.

Abanyagiahugu baba mur’ico gisagara, bavuze kw’abarwanya ubutegetsi basahuye isoko inyuma y’aho binjiriye mur’ico gisagara bari mu mudoka zishika 20.

Abasirikare b’igihugu ca Sudani barareze kandi abarwanya ubutegetsi ko basambuye umunara urimwo ubuhinga bwo guhanahana amakuru.
XS
SM
MD
LG