Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w’Igihugu ca Iraki, Yaragabishije kw’Ubwicanyi Bufatiye kw’idini mu Gihugu ca Syria Buriko Burakwiragira mu Karere

  • VOA Africa

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Nuri al-Maliki ari kumwe na prezida w'Uburusiay, Vladimir Putin

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Nuri al-Maliki ari kumwe na prezida w'Uburusiay, Vladimir Putin

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Iraki, Nuri al-Maliki yavuze kw’ingwano mu gihugu ca Syria ishobora kuri iriko itera ubwicanyi bufatiye kw’idini mu gihugu ca Iraki.

Maliki yatangaje ejo ku musi wa gatandatu kw’ubwicanyi bufatiye kw’idini bushobora gukwiragira buvuye mu gihugu kimwe bukaja mu kindi.

Yavuze kw’ubwicanyi bufatiye kw’idini bwagarutse mu gihugu ca Iraki kubera ubwo bwicanyi bwadutse mu kindi gice co mu karere, mu vyashatse kuvuga amacakubiri ari mu gihugu ca Syria.

Ivyo umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Iraki, Nuri al-Maliki yabitangaje umusi umwe inyuma yuko prezida wa Amerika, Barack Obama avuze kw’ugukoresha ibirwanisho vyicisha imyuka kwa Reya y’igihugu ca Syria ku banyagihugu bayo bishobora kuzohindura ukugene Amerika ivyifatamwo muri iki gihe ku bijanye n’intamabara mu gihugu ca Syria.

Yamara prezida Obama yatangaje ku musi wa gatanu kw’ibindi vyemezo bigikenewe, harimwo ukugene, igihe n’aho Reta ya Syria ishobora kuba yarakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka.
XS
SM
MD
LG