Uko wahagera

Ikinyagigima Gikomeye Carabereye ku Rubibe Hagati ya Irani n Pakistani

  • VOA Africa

Ababuze ababo bariko berekana umubabaro wabo i ruhande y'ibiziga vy'abahitanywe n'ikinyamugigima

Ababuze ababo bariko berekana umubabaro wabo i ruhande y'ibiziga vy'abahitanywe n'ikinyamugigima

Ikinyamugigima gikomeye carabereye mu ntara iri ku rubibe, hagati y’ibihugu vya Irani na Pakistani, gihitana abantu mirongo itatu na bane canke barenga, ku ruhande rw’igihugu ca Pakistani.

Ikigo ca Amerika gikwirikirana ibinyamugigima, catangaje, ejo ku musi wa kabiri, kw’ikinyamugigima co ku musi wa kabiri, cari gifise inguvu ziri ku rugero rw’indwi n’ibice umunani, kikaba cari kimwe mu binyemugigima bikomeye cane ,mu karere mu kiringo c’imyaka mirongo ine irangiye.

Ico kigo catangaje kw’ico kinyamugigima cabaye, isaha icenda n’iminuta cumi n’ine zo ku muhingamo, mu masaha yo mu gihugu ca Irani ,hafi y’ibisagara vya Irani vya Khash na Saravan, mu ntara za Sistan na Baluchestan.

Bulamatari w’intara, Hatam Narouyi, yabwiye ibinyamakuru, radiyo na televiziyo vy’igihugu ca Irani, kw’ata bahasize agatwe, muri iyo ntara ,mu gihe ico kinyamugigima cashimikiye, mu gice kitabamwo abantu benshi.

Hatem Narouyi, avuga kw'abantu batari bake bakomeretse, barungikwa mu bitaro.

Amakuru ya mbere yari agoye gusuzuma, kubera akarere ico kinyamugigima cabereyemwo, kari kure cane.

Abategetsi b’igihugu ca Pakistani batangaje, kw’amazu majana n’amajana yasenyutse, mu ntara ya Balochistani.

Bavuga kw’abantu mirongo itatu na bane bishwe, abandi mirongo umunani barakomereka, mu gice ca Mashkal.
XS
SM
MD
LG