Uko wahagera

Ku bw’Ubushikiranganji Bujejwe Kwivuna Abansi muri Amerika, ngo Sivyo Kuvuga ko Korea ya Rurugu Ifise Missiles Zishobora Gukoresha Ibigwanisho Ruhonyanganda

  • VOA Africa

Umutegetsi w'igihugu ca Korea ya ruguru, Kim Jong Un ari kumwe n'abahanuzi biwe b'abasirikare

Umutegetsi w'igihugu ca Korea ya ruguru, Kim Jong Un ari kumwe n'abahanuzi biwe b'abasirikare

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, bwatangaje, ejo ku musi wa kane, kw’igihugu ca Korea ya ruguru kidafise ama missile ariko ibigwanisho ruhonyanganda, mu vyagerageje gufata minenerwe, raporo y’iperereza ry'igisirikare, yari yasohotse, mu gihe yari mw’ibanga, imbere yaho, ejo ku wa kane, yatangaza kw’igihugu ca Korea ya ruguru, gifise ubushobozi bw’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda, bishobora gushirwa, ku ma missile.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, George Little, yatangaje ko bitoba ari ivy’ukuri, kuvuga kw’igihugu ca Korea ya ruguru cagerageje, catunganije, canke cerekanye ubushobozi bwa nucleaire, bwatangajwe, muri iyo raporo.

Umushingamateka w’umu Republicain, Dog Lamborn, yaratangaje abategetsi b’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, ejo ku musi wa kane, igihe hariko humvirizwa ibibazo bijanye n’amafranga Reta ya Amerika ikoresha, mu gusoma ivyo yavuze kw’ari umurongo, utari mw’ibanga, wa raporo y’iperereza ry’igisirikare ca Amerika.

Lamborn yavuze kw’abategetsi bajejwe iperereza, bemera kw’igihugu ca Korea ya ruguru gifise ibirwanisho ruhonyanganda bishobora gushirwa, ku ma missiles ballistiques.

Abategetsi ba Amerika, bavuze kw'ata kinini bazi, ku migambi ya Korea ya ruguru, ko yamara bategerezwa kwitega imigambi iteye ubwoba, y’ico gihugu.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje ko hageze kw’igihugu ca Korea ya ruguru gihagarika inyifato yaco y’agasomborotso.

Prezida Obama yatangaje, ejo ku musi wa kane, mu biganiro yagiranye, mu biro vyiwe, Maison Blanche, n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, Ban Ki-moon , kw’ata numwe ashaka kubona ingwano, mu kigobe ca Korea.

Yamara prezida Obama, yamenyesheje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizofata ingingo zose zikenewe, kugira zikingire, zongere zikingire ibihugu bicuditse nazo.

Inteko za Amerika, n’inteko za Korea y’epfo ziri, ku rugero ruri hejuru cane rw’ukuba magabo, kubera Korea ya ruguru ishobora kugerageza missile igihe icarico cose.
XS
SM
MD
LG