Uko wahagera

Uruhagarara Hagati Ya Za Korea


Igikoho ca Rocket kirashwe mu gihugu ca Korea ya ruguru, mu myimenyerezo yabereye mu kibanza kitatangajwe
Igikoho ca Rocket kirashwe mu gihugu ca Korea ya ruguru, mu myimenyerezo yabereye mu kibanza kitatangajwe

Iighugu ca Korea ya ruguru cateye akamo abanyamahanga kabasaba kuva mu gihugu ca Korea yo mu bumanuko.

Ako kago ngo gatewe kugira ngo abanyamahanga ntibahitanwe n’ingwano, yamara iryo gabishwa rya reta ya Korea ya ruguru, risa n’iritadurumbanije ukuntu abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’igihugu ca Korea yo mu bumanuko, babayeho.

Television y’igihugu ca Korea ya ruguru yaratangaje amakuru ejo ku musi wa kabiri, atera akamo ingenzi hamwe n’amashirahamwe, ngo bive ku murwa mukuru Seoul hamwe no mu gihugu ca Korea yo mu bumanuko, ngo kubera umutekano wabo, ngo kuko hasbobora kuba ingwano y’ibigwanisho nucleaire.

Yamara ivyashara hamwe n’urudandazwa, vyarabandanije nk’uko bisanzwe ku murwa mukuru w’igihugu ca Korea yo mu bumanuko, inyuma y’aho ako kamo gaterewe, kandi nta kintu na kimwe cerekana kw’abantu bariko barava mur’ico gisagara.

Umutegetsi ajejwe gutangaza amakuru muri presidence ya Amerika, Jay Carney, yariyamirije iryo terabwoba ry’igihugu ca Korea ya ruguru, akaba yavuze kw’ayo majambo akarishe y’igihugu ca Korea ya ruguru, ataco afasha kandi atuma ico gihugu kigeramiwe n’ubukene ntangere, cikumira kurusha.
XS
SM
MD
LG