Uko wahagera

Reta Zunze Ubumwe za Amerika Zarafashe Intambwe ya Mbere y’uguha ibirwanisho Somalia


Ikarata ya Somalia
Ikarata ya Somalia
Prezida wa Amerika, Barack Obama yarafashe intambwe ya mbere, mu mugambi w’uguha infashanyo ya gisirikare Somalia.

Prezida Obama yararungikiye Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, ejo ku musi wa mbere, urwandiko ruvuga ko Somalia irekuriwe kuronka ibikoresho vy’ukwivuna umwansi.

Iyo ngingo ntituma Somalia ironka buno nyene infashanyo ya gisirikare, yamara irekurira Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, kwiyumvira gufata intambwe z'ugutanga iyo nfashanyo, muri kazoza.

Umutegetsi akomeye muri Reta ya Obama, yavuze kurekurira ivyerekeye guha infashanyo Somalia, biri mu mugambi w’ugusubira gutuma haba imigenderanire myiza, hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Somalia.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zameye icese Reta ya Somalia, mu ntango z’uwu mwaka, mu bwabaye ubwa mbere abategetsi ba Reta ya Amerika, bemera Reta ya Somalia, kuva mu mwaka w’1991.
XS
SM
MD
LG