Uko wahagera

Korea ya Ruguru Ivurwa kw’Ishobora Kuba Iriko Itegura Igeregezwa rya Missile

  • VOA Africa

Abasirikare bo muri Korea y'epfo bagiye kugira imyimenyerezo ya gisirikare hafi y'ikibanza kiziririjwemwo abasirikare hagati ya Korea ya ruguru na Korea y'epfo

Abasirikare bo muri Korea y'epfo bagiye kugira imyimenyerezo ya gisirikare hafi y'ikibanza kiziririjwemwo abasirikare hagati ya Korea ya ruguru na Korea y'epfo

Umutegetsi akomeye ajejwe umutekano, mu gihugu ca Korea y'epfo, Kim Jang-Soo, yatangaje, ejo ku musi w’Imana, kw’igihugu ca Korea ya ruguru gihobora kuba kiriko gitegura kugerageza missile, canke ikindi gikorwa c’agasomborotso, muri iyi ndwi, mu kugabisha ko vuba itazoshobora kwubahiriza umutekano w’abaserukira ibihugu vyabo, ku murwa mukuru, Pyongyang.

Kim Jang-Soo, umutegetsi mukuru ahanura prezida wa Korea y’epfo, Park Guen-Hye, ku bibazo vyerekeye umutekano , yavuze kw’igeregezwa rya missile canke ikindi gikorwa c’agasomborotso, bishobora kuba imbere, canke inyuma yo ku musi wa gatatu, italiki igihugu ca Korea ya ruguru casavye abaserukira ibihugu vyo mu mahanga, kuva ku murwa mukuru, Pyongyang.

Yavuze kw’ikintu Korea ya ruguru ishaka gushika ko, mu vy’ukuri, ari ugutuma abategetsi ba Amerika na Korea y’epfo bagira ivyo bayihebera, yamara yatangaje ko Korea y’epfo iriko iguma yiteguye, mu vya gisirikare.

Ejo ku musi w’Imana kandi, umutegetsi akomeye w’igisirikare ce Korea y’epfo, yarasibishije inama I Washington, n’umukuru w’iigisirikare ce Amerika, General Martin Dempsey, kubera umwuka mubi utera wiyongera, mu kigoce ca Korea.

Vyari bitegekanijwe ko General Dempsy abonana na mugenziwe wo ,muri Korea y'epfo, General Jung Seung-Jo.
XS
SM
MD
LG