Uko wahagera

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry Yarabonanye na Prezida w’Ubutegetsi bw’Abanya Palestina, Mahmoud Abbas

  • VOA Africa

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry ariko abonana na prezida w'ubutegetsi bw'Abanya Palestina, Mahmoud Abbas

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry ariko abonana na prezida w'ubutegetsi bw'Abanya Palestina, Mahmoud Abbas

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yarabonanye na prezida w’ubutegetsi bw’AbanyaPalestina, Mahmoud Abbas, mu ntara ya Cisjordaniya, mu gihe abategetsi ba Reta ya Amerika bariko bagira akigoro gashasha, k’ugusubira kunaguraibigano vy’amahoro, hagati ya Israel n’AbanyaPalestinamu, ntango y’ikiringo ca kabiri ca prezida wa Amerika, Barack Obama.

John Kerry yagiranye ibiganiro na Abbas, ku cicaro ciwe, mu gisagara ca Ramallah, ejo ku musi w’Imana, inyuma yuko ashitse mu gihugu ca Israel avuye mu gihugu ca Turkiya.

Vyitezwe ko John Kerry abonana n’abategetsi b’igihugu ca Israel, n’abandi bategetsi b’AbanyaPalestina, uno musi ku wa mbere, n’ejo ku musi wa kabiri.

Departement ya Reta ya Amerika, yatangaje ko John Kerry, azosaba ibimenyetso vy’ukwizigirana, hagati y’izo mpande zibiri, zitaragirana ibiganiro vy’amahoro, kuva ibiganiro bitaramye, vyo kwezi kw’icenda, mu mwaka w’2010.

Ntivyitezwe ko Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, ashikiriza icese izo mpande zibiri, imigambi yerekeye amahoro ya Amerika.

Imbere yaho, ejo ku musi w’Imana, John Kerry yarabonanye n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Tayyip Erdogan, n’umushikirangaji ajejwe imigenderanire, Ahmet Davutoglu.
XS
SM
MD
LG