Uko wahagera

Abadiplomate Muri Korea Ya Ruguru, Ntibaratahuka


Umukuru wa Korea ya ruguru Kim Jong Un , ariiko araramutsa abasirikare
Umukuru wa Korea ya ruguru Kim Jong Un , ariiko araramutsa abasirikare

Abategetsi baserukira ibihugu vyabo mu gihugu ca Korea ya ruguru ejo ku musi wa gatandatu, bari bakiri ku murwa mukuru Poyongyang.

Amakuru ariko aratangazwa avuga ko basa n’abatariko barava mur’ico gihugu, naho reta ya Korea ya ruguru, yari yasavye ko batahuka mu bihugu vyabo kubera imvo z’umutekano.

Amakuru ava mu bihugu vyo mu burengero abo bategetsi baserukira, avuga kw’abategetsi baserukira ibihugu vyabo mu gihugu ca Korea ya ruguru, bihojeje ako kamo kabasaba gutahuka, kandi ngo benshi muribo, bavuga kw’umugambi nyamuru w’igihugu ca Korea ya ruguru, ar’ugutera uruhagarara mur’iyo ntara ya za Korea.

Igihugu ca Korea ya ruguru, cari cabwiye abategetsi baserukira ibihugu vyabo hamwe n‘amashirahamwe mpuzamakungu, ko gishobora kubakingira gushika kw’igenekerezo rya 10 gusa, ry’ukwezi kwa kane.

Igihugu c”Uburusiya hamwe n’igihugu c’Ubwongereza, ku musi wa gatanu, vyaratangaje kw’ata mugambi bifise wo gukur mu gihugu ca Korea ya rugur,a abakozi bavyo.
XS
SM
MD
LG