Uko wahagera

Nelson Mandela Yaraye Avuye Mu Bitaro


President Nelson Mandela yahoze atwara igihugu ca Afrika y'Epfo
President Nelson Mandela yahoze atwara igihugu ca Afrika y'Epfo

President Nelson Mandela yahoze atwara igihugu ca Afrika y’Epfo, yaravuye mu bitaro, yaramazemwo imisi icenda.

Igihe yinjira ibitaro, amakungu yari yahagaritse umutima.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Jacob Zuma, vyarasohoye itangazo rivuga kw’umushingantahe Mandela afise imyaka 94 mur’iki gihe, yavuye mu bitrao ejo ku musi wa gatandatu, inyuma y’aho abaganga baboneye ko yariko aratora mitende.

Ubwo bwari ubugira gatatu, umushingantahe Mandela aja mu bitaro mu kiringo c’amezi ane.

Igihe yinjira ibitaro kw’igenekerezo rya 27 ry’ukwezi kwa gatatu, igihugu ca Afrika y’Epfo cari catangaje ko yari yanduye mu mahaha.

President Nelson Mandela niwe yabaye umupresident wa mbere w’umwirabure mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu mwaka w’1994.

Arubashwe mu makungu yose kandi arazwi ku ruhara ntangere yagize rwo kugwanira ubungane hagati y’abanyagihugu.
XS
SM
MD
LG