Uko wahagera

John Kerry, Mu Buseruko Bwo Hagati, No Muri Asia


John Kerry
John Kerry

Secreteri wa department ya reta ya Amerika, John Kerry yarafashe urugendo ejo ku musi wa gatandatu.

Urwo rugendo ruzokwihweza ahanini ikibazo co mu gihugu ca Syria, inzira y’amahoro mu buseruko bwo hagati hamwe n’ikibazo c’igihugu ca Korea ya ruguru.

Igihugu agiye gucamwo ubwa mbere, n’igihugu ca Turkiya aho ahava abonana n’abategesi bo mur’ico gihugu uyu musi ku wa mungu, barimwo umushikiranganji wa mbere, Recep Tayyip Erdogan. Abo bategetsi bazakuyaga ivyerekeye utwigoro two guhagarika ingwano mu gihugu ca Syria.

Umushingantahe Kerry azobonana kandi n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israeli Benjamin Netanyahu mu gisagara ca Yeruzalem yongere abonane n’umukuru wa Palestine, Mahmoud Abbas mu ntara ya Sisjordanie.

Departement ya reta ya Amerika, ivuga kw’azoshira imbere imigambi yotuma abo bategetsi uko ari babiri, bizerana.

John Kerry ategekanya kandi kuja I Londres mu gihugu c’Ubwongereza mu nama y’ibihugu umunani vyo kw’isi bikize, imbere y’uko afata urugendo rwiwe rwa mbere muri Asia, kuva abaye secreteri wa department ya reta ya Amerika.

Urugendo azogira mu gihugu ca Korea yo mu bumanuko, mu Bushinois hamwe no mu Buyapani, ruzoba ahanini rwerekeye programe y’ibigwanisho nucleaire vy’igihugu ca Korea ya ruguru.
XS
SM
MD
LG