Uko wahagera

Igihugu ca Korea ya Rurugu Catangaje ko Cinjiye mu Gihe c’Ikoreshwa ry’Amategeko yo mu Ngwano ku Vyerekeye Igihugu ca Korea y’epfo


Umutegetsi wa Korea ya ruguru, Kim Jong Un
Umutegetsi wa Korea ya ruguru, Kim Jong Un
Korea ya ruguru yagabishije, kw’agasomborotso akariko kose, ka Koera y’epfo na Amerika, bishobora gutuma haba ingwano, ikoresheje ibigwanisho ruhonyanganda.

Mw’itangazo, ryashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reta ya Korea ya ruguru, ejo ku musi wa gatandatu, abategetsi ba Korea ya ruguru batangaje kw’ibibazo vyose hagati ya Korea ya ruguru na Korea y’epfo bizofatirwa ingingo, hakoreshejwe amategeko yo mu ngwano.

Mu kwishura, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Korea y’epfo, bwasavye Korea ya ruguru, guhagarika gukoresha amajambo y’ukugabisha.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Korea y’epfo, bwatangaje kandi kw’inteko za Korea y’epfo, zizohana bikomeye Korea ya ruguru, niyo haba agasomborotso.

Abategetsi ba Reta ya Amerika ,batangaje ko badafata minenegwe, ibiherutse gutangazwa n’abategetsi b’igihugu ca Korea ya ruguru.
XS
SM
MD
LG