Uko wahagera

Prezida Obama Yarahayagije Abategetsi b’Ibihugu vyo Muri Afrika, Yakiye mu Biro Vyiwe, Maison Blanche, ku Ntambwe Bagize, ku Vyerekeye Demokrasi n’Interambere.

  • VOA Africa

Prezida Barack Obama iari kumwe n'abategetsi b'ibihugu vya Malawi Joyce Banda; Sierra Leone Ernest Bai Koroma;n'umushikiranganji wa mbere w'amazinga ya Cap-Vert,José Maria Pereira Neves

Prezida Barack Obama iari kumwe n'abategetsi b'ibihugu vya Malawi Joyce Banda; Sierra Leone Ernest Bai Koroma;n'umushikiranganji wa mbere w'amazinga ya Cap-Vert,José Maria Pereira Neves

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yarakiye abategetsi b’ibihugu vya Cap-Vert, Malawi, Senegal na Sierra Leone, mu biro vyiwe, Maison Blanche, ejo ku musi wa kane, akaba yarahayagije intambwe, mu vyerekeye ubutunzi, ibihugu vyabo vyagize, n’intambwe, ku vyerekeye gukomeza demokrasi.

Prezida Obama yavuze kw'abashitsi biwe bose bagize ibibazo bitoroshe vyerekeye politike mu bihugu vyabo, ko yamara ivyo bibazo harimwo ingwano muri Sierra Leone, ibibazo bifatiye kw’ibwirizwa nshingiro mu gihugu ca Malawi, n’ibibazo vya politike mu gihugu ca Senegal, vyasubiriwe n’intambwe mu bijanye n’umutekano n’iterambere.

Abo bategetsi mu nama na prezida Obama, barimwo prezida wa Sierra Leone, Ernest Bai Koroma, prezida wa Senegal, Macky Sall, umushikiranganji wa mbere w’amazinga ya Cap-Vert, Jose Maria Pereira Neves, na prezida w’igihugu ca Malawi, Joyce Banda.

Prezida Obama yarakiye inama nkiyo mu mwaka w’2011, n’abategetsi b’ibihugu vya Benin, Guinee, Cote d’Ivoire na Niger, imbere y’isohorwa, mu mwaka w’2012, ry’umugambi ugenewe kukomeza ugukorana, mu vyerekeye ubutunz,i na politike, n’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika, yo musi y’ubugararwa bwa Sahara.
XS
SM
MD
LG