Uko wahagera

President Obama, Yaraye Atahutse I Washingaton

  • VOA News

President Barack Obama, ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Israeli, Benjamin Netayahu, ku kibanza c'indege hafi y'igisagara ca Tel Aviv, mu gihugu ca Israel, ku musi wa gatatu

President Barack Obama, ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Israeli, Benjamin Netayahu, ku kibanza c'indege hafi y'igisagara ca Tel Aviv, mu gihugu ca Israel, ku musi wa gatatu

President wa reta zunze ubumwe za amerima, Barack Obama yaravuye mu gihugu ca Yordania ejo ku musi wa gatandatu.

Urwo rugendo rusozereye imisi ine yamaze ari mu bihugu vyo mu buseruko bwo hagati.

Rwarimwo urugendo rwa mbere agize mu gihugu ca Israeli ari president, aho yari mu twigoro two gusubira gutanguza ibiganiro vy’amahoro hagati ya Israeli na Palestine.

Umushingantahe Obama yafashe indege yiwe imutahukana I Washington, avuye ku kibanza c’indege mu gisagara ca Amman, ejo ku musi wa gatandatu.

Ejo ku musi wa gatandatu mu gitondo, president Obama yaragendeye igisagara ca Kera co mu gihugu ca Jordania citwa Petra.

Ku musi wa gatanu, yaragize ibiganiro n’umwami w’igihugu ca Yordania Abdullah, vyerekeye ikibazo c’impunzi zahunze ingwano yo mu gihugu ca Syria.

President Obama yarabonanye kandi n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israeli, Benjamin Netanyahu hamwe na President wa Palestine, Mahmoud Abbas, mu nama zitandukanye.

Abategetsi bo muri reta zunze ubumwe za amerika, bavuga ko secreteri wa department ya reta ya Amerika John Kerry yagize inana zitandukanye n’abo bategetsi uko ari babiri, ejo ku musi wa gatandatu, kugira ngo abandanye inama president Obama yari yagize n’abo bategetsi.
XS
SM
MD
LG