Uko wahagera

Abarwanyi Muri RCA, Barashaka Gufata Umurwa Mukuru


Umukuru w'urunani SELEKA rurwanya ubutegetsi Colonel Christian Djouma Narkoyo, ari mu gisagara ca Grimari, mu gihugu ca Repblika ya Centre Africa
Umukuru w'urunani SELEKA rurwanya ubutegetsi Colonel Christian Djouma Narkoyo, ari mu gisagara ca Grimari, mu gihugu ca Repblika ya Centre Africa

Abarwanya ubutegetsi mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika, baregeye umurwa mukuru Bangui ejo ku musi wa gatandatu.

Ivyo bivuga ko bihojeje akamo bari batewe n’umushikiranganji wa mbere, kabasaba kuja mu biganiro kugira ngo amaraso ntarinde guseseka.

Ibiro Reuters bijejwe gutangaza amakuru, vyaratangaje inkuru, bivuga ko yashikirijwe n’umukuru w’abarwanya ubutegetsi, ivuga kw’abagwanyi biwe barashe indege ya reta ya Kajugujugu ya gisirikare. Iyo nkuru yavuga kandi kw’abarwanya ubutegetsi, bariko bagana ingoro ya president.

Ejo ku musi wa gatandatu mu gitondo, mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, umuvugizi wa reta yavuze kw umushikiranganji wa mbere, Nicolas Tiangaye, yariko asaba abarwanya ubutegetsi bo mu runani rwitwa Seleka, ngo bicare hamwe n’abategetsi bo muri reta y’ubumwe, kugira ngo batore inyishu, iciye mu mahoro.

Yamara abarwanya ubutegetsi bo mu runani Seleka, bavuga kw’ikintu conyene bashaka kuganirako, ar’itanga imihoho rya president Bozize.

Umuvugizi w’urunani Seleka mu vyerekeye politike, Eric Massi, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ko president Bozize ategerezwa kuva mu gihugu ca Republika ya Centre Afrika, kugira ngo amahoro aboneke.

Abantu bavyiboneye bavuga ko ku musi wa gatanu, amabarabara yo ku murwa mukuru, atarangwamwo n’inyoni, kuko abantu bose bari binyegeje mu mazu yabo canke bahunze, kuko abarwanya ubutegetsi bariko baregera umurwa mukuru.

Amashule hamwe n’amabanki vyugaye, hakiri kare.
XS
SM
MD
LG