Uko wahagera

Integuro y’AmasezeranoYari Akiri mw’Ibanga Hagati ya Reta ya Congo n’Umurwi Urwanya Ubutegetsi M23 Yaramenyekanye Imbere y’Igihe


Abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23 mu buseruko bwa Congo
Abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23 mu buseruko bwa Congo
Ijwi rya Amerika, ryararonse ibibonwa kw’ari urwandiko rw’ayo masezerano, ku musi wa gatatu, imisi mikeyi inyuma yuko urwo rwandiko rutanguye gukwiragizwa, mu banyepoltike, ku murwa mukuru wa Republika iharanira Demokrasi ya Congo, Kinshasa.

Urwo rwandiko, rufise ingingo cumin a zibiri, harimwo umuhango w’umurwi urwanya ubutegetsi bwa Cngo M23, w’ugushira hasi ibirwanisho, n’umuhango wa Reta ya Congo, w’ukugirira imbabazi abanywanyi b’umurwi M23, batagira ivyaha vyo mu ngwano, n’ugushira mu gisirikre ca Reta abarwanyi b’umurwi M23.

Integuro y’urwo rwandiko isaba kandi Reta ya Congo, gufasha impunzi z’Abanyecongo, kugaruka mu gihugu, n’ugushiraho imirwi ijejwe ivyerekeye gusubiza hamwe, hamwe n’uguha ububasha kurushiriza intara.

Umuhinga Maria Lange, ayoboye programa y’ishirahamwe ritegamiye Reta, International Alert, muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, yibaza kw’urwo rwandiko ari urw’ukuri.

Lange avuga kw'urwo rwandiko rusa n’urwandiko rw’ukuri. Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru muri Congo, Lambert Mende yatangaje icese, kw’amasezerano azoterwa ko igikumu, kw’italiki cumi na zitanu z’ukwezi kwa gatatu, kubera urwo rwandiko ari urwo kuri iyo taliki, Lange yibaza kw’urwo arirwo rwandiko Reta ya Congo yategekanije, kugira ruterweko igikumu, kw’italiki cumin a zitanu z’ukwezi kwa gatatu, yamara rutateweko umukono n’umurwi M23.

Reta ya Congo ntiyavuze nimba urwo ari urwandiko rw’ukuri. Yamara umuhinga Thierry Vircoulon, wo mw’ishirahamwe, International Crisis Group, aremera ivyatangajwe na Maria Lange, krw’urwo rwandiko rushobora kuba ari urw’ukuri.
please wait

No media source currently available

0:00 0:01:33 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG