Uko wahagera

Ibibanza vy’Amatora kw’Ibwirizwa Nshingiro muri Zimbabwe Yarugaye

  • VOA Africa

Abatora batonze uburongo mu kibanza c'amatora ku murwa mukuru, Harare

Abatora batonze uburongo mu kibanza c'amatora ku murwa mukuru, Harare

Ibibanza vy’amatora, kuri referendum, kw’ibwirizwa nshingiro rishasha, ryogabanya ikiringo ca prezida, mu bwoba bubaye ubwa mbere, mu mateka y’igihugu, vyarugaye mu gihugu ca Zimbabwe.

Ibwirizwa nshingiro rishasha ryorekurira abaprezida, kuyobora igihugu, mu kiringo c’imyaka itanu, incuro zibiri gusa.

Prezida w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe, afise imyaka mirongo umunani n’icenda, n’umushikiranganji wa mbere, Morgan Tsvangirai, bompi barashgikiye integuro y’ibwirizwa nshingiro rishasha, bikaba vyitezwe ko ryemezwa.

Abategetsi b’igihugu ca Zimbabwe, batangaje ko biteze kw’ivyavuye, muri referendum bizotangazwa icese, mu kiringo c’imisi itanu, iri imbere.

Prezida Mugabe, yayoboye igihugu ca Zimbabwe, mu kiringo kirenga imyaka mirongo itatu, hisunzwe ibwirizwa nshingiro rishasha, ashobora kuguma ku butegetsi, iyindi myaka cumi, hamwe yosibira gutorwa.

Umushikiranganji wa mbere, Morgan Tsvangirai, yatangaje kw’ibwirizwa nshingiro rishasha, rizoshiraho uburyo bw’ugucunga Reta.

Ibwirizwa nshingiro rishasha, rishobora gutuma amatora y’umukuru w’igihugu, n’ay’abashingamateka, aba mu mpera z’umwaka, mu bizorangiza amasezerano y’ugusangira ubutegetsi.
XS
SM
MD
LG