Uko wahagera

Papa Francis Ni We Mwungere Wa Ekleziya Catholika

  • VOA News

Aba Cardinaux, bari mu misa kw'isengero St. Peter's Basilica i Vaticano kw'igenekereoz rya 12 ry'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'2013 .

Aba Cardinaux, bari mu misa kw'isengero St. Peter's Basilica i Vaticano kw'igenekereoz rya 12 ry'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'2013 .

Cardinal Jorge Mario Bergoglio, yabaye umwungere wa Ecleziya Catholika ejo ku musi wa gatatu.

Yavukiye mu gisagara ca Buenos Aires, mu gihugu ca Argentina, mu mwaka w’1936.
Se wiwe yari umutaliyano yimukiye mu gihugu ca Argentine, yakorera isosiyete ikora inzira ya za gali ya moshi.

Uyo mwungere mushasha wa Ekleziya Catholika agiye kurongora abakristu bangana na Biliyoni imwe n’ibice bibiiri, yahisemwo izina rya Papa Francis.
Abaye umutegetsi wa mbere ava mu gihugu co muri Amerique Latine, abaye umukuru wa Ekleziya Catholika.

Intara ya Amerika Latine niyo irimwo abaCatolika benshi kw’isi hose; igihugu ca Brezil akaba arico gifise abaCatolika benshi kurusha ibindi bihugu vyo mur’iyo ntara, hagakwirikira igihugu ca Mexique.


Papa Francis yize mu gisagara ca Santiago mu gihugu ca Chili, hanyuma mu mwaka w’1960, niho yaronka urupapuro rw’umutsindo mu gisata ca Philosophie, yaronkeye muri kaminuza yo ku murwa mukuru w’igihugu ca Argentine, Buenos Aires.

Yabaye umupatiri mu mwaka w’1969, kandi n’umuJesuite. Imbere y’uko aba Cardinal mu mwaka w’2001, yarabaye Musenyeri mukuru wa Dioseze ya Buenos Aires kuva mu mwaka w’1998.

Igihe yar’akiri Patiri hamwe n’igihe yari Cardinal, yarazwi cane ku kuntu yicisha bugufi, kandi afise ubuzima busanzwe, yitonda, ashigikiye imico ya Ekleziya kandi yiyemeje kugwanira ubutungane hagati mu bantu.
XS
SM
MD
LG