Uko wahagera

Nelson Mandela Yaraye Yinjijwe Ibitaro


Nelson Mandela yahoze atwara igihugu ca Afrika y'Epfo, irihe yariko arahimbaza imyaka yiwe y'amavuko 94, ari ku ngoro iwe mu gisagara ca Qunu, mu buseruko bwa Cap, kw'igenekerzo rya 18 ry'ukwezi kw'indwi mu 2012
Nelson Mandela yahoze atwara igihugu ca Afrika y'Epfo, irihe yariko arahimbaza imyaka yiwe y'amavuko 94, ari ku ngoro iwe mu gisagara ca Qunu, mu buseruko bwa Cap, kw'igenekerzo rya 18 ry'ukwezi kw'indwi mu 2012

Presidence yo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, yatangaje ko president Nelson Mandela, yaraye yinjijwe ibitaro kugira ngo asuzumwe.

Bavuga kandi kw’ivyo ar’ibintu vyari vyarategekanijwe n’abaganga biwe.

Umuvugizi wa presidence, Mac Maharaj, avuga kw’umushingantahe Mandela afise imyaka 94 yagiye mu bitaro vyo mu gisagara ca Pretoria, ejo ku musi wa gatandatu.

Maharaj avuga kw’ata muntu akwiye gushira umutima hejuru mur’iki gihe abaganga bariko barasuzuma president Mandela yahoze atwara igihugu ca Afrika y’Epfo kandi yaronse agashimwe k’amahoro Prix Nobel.

Twobibutsa kw’umushingantahe Mandela yari yinjijwe mu bitaro mu kwezi kwa 12, yagize infection y’amahaha.

Mandela yarapfunzwe ikiringo c’imyaka ishika 30, kuko yari yiyamirije ya ntwaro karyanishamiryango yo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, maze aca aba umutegetsi yaranzwe n’amahoro, mu gihe igihugu cahindura ubutegetsi, biciye mu nzira ya demokrasi.

Mu mwaka w’1994, niho yaba president wa mbere w’umwirabure mu gihugu ca Afrika y’Epfo.
XS
SM
MD
LG