Uko wahagera

Kenyatta Niwe Yatsinze Amatora Muri Kenya

  • VOA News

Uhuru Kenyatta aherutse gutorwa mu kibanza ca president wa Kenya, ari kumwe na William Ruto, icegera ciwe, bariko barigina itsinzi.

Uhuru Kenyatta aherutse gutorwa mu kibanza ca president wa Kenya, ari kumwe na William Ruto, icegera ciwe, bariko barigina itsinzi.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora mu gihugu ca Kenya, watangaje ko Uhuru Kenyatta yatsinze raila Odinga.

Uyo mutegetsi, niwe bavuga ko yari yaratsinze amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2007.

Umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora Issack Hassan, ejo ku musi wa gatandatu, yaratagangaje kw’umushingantahe Kenyatta yaronse amajwi 50.07%: amajwi arenzeko gatoyi amajwi yar’akenewe kugira ngo amatora ntarinde kuja mu ncuro igira kabiri.

Umushingantahe Kenyatta arahanzwe n’ivyaha vy’ubwicanyi aregwa na sentare mpuzamakungu.

EJo ku musi wa gatandatu, yaratangaje kw’agiye gukorana n’inzego mpuzamakungu, mu gihe kandi asaba amakungu ngo yubahirize ubwigenge bw’igihugu ca Kenya hamwe n’amajwi y’abanyagihugu.

Umushikiranganji wa mbere, Raila Odinga niwe yafashe ikibanza kigira kabiri mur’ayo matora yabaye ku musi wa mbere, afise amajwi angana na 43%.



Yarashikirije ibintu bitari bike, avuga ko vyerekana kw’amatora yabayemwo amahinyu, akaba yaratangaje kw’atazokwemera ivyavuye mu matora.

Ku musi wa kane, umushingantahe yahiganywe mu kibanza c’icigera ciwe Kalonzo Musyoka, yavuze kw’ibiharuro vy’amajwi atari make, vyahindaguwe.

Umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora, Hassan, arahakana ivyo birego.
XS
SM
MD
LG