Uko wahagera

Umushikiranganji Ajewe Kwivuna Abansi w’Ubufransa Yaragendeye Inteko z’Ubufransa mu Buraruko bw’Igihugu ca Mali

  • VOA Africa

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubufransa, Jean-Yves Le Drian

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubufransa, Jean-Yves Le Drian

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu c’Ubufransa, Jean-Yves Le Drian, yaragize urugendo rutari rwatangajwe, mu mitumba yo mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Mali, aho inteko z’igihugu c’Ubufransa, ziriko zirwana n’Abarwanyi b’AbaIslamu.

Jean-Yves Le Drian yashitse, mu gisagara ca Tessalit ,mu gitondo c’ejo ku musi wa kane, aho yabonanye na bamwe mu basirikare b’Abafransa ibihumbi bine, mu gihugu ca Mali.

Le Drian, ari mu mitumba ya Ifoghas, aho abasirikare b’Abafransa, n’abasirikare b’igihugu ca Chad bariko bahiga abarwanyi batujijwe, mu bisagara, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, n’igitero cari kiyobowe n’igihugu c’Ubufransa, catanguye haraheze amezi abiri.

Ubufransa bwatangaje kw’abarwanyi b’Aba Islamu batari bake bishwe, mu gutana mu mitwe, hamwe n’abasirikare bane b’igihugu c’Ubufransa, harimwo umusirikare umwe yishwe, ku musi wa gatatu.

Ku musi wa gatatu, prezida w’Ubufransa, Francois, yatangaje kw’Ubufransa bufise imigambi y’ugutangura gukura inteko zabwo, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, mu kwezi kwa kane.
XS
SM
MD
LG