Uko wahagera

Umukuru w’Urwego Rujejwe Amatora, Yariyamirije Ivyagirizo vy’Amahinyu mu Vyavuye mu Matora muri Kenya.


Abahiganirwa amabanga y'umukuru w'igihugu muri Kenya, Uhuru Kenyatta na Raila Odinga
Abahiganirwa amabanga y'umukuru w'igihugu muri Kenya, Uhuru Kenyatta na Raila Odinga
Mu vyo yashikirije ikigo c’igihugu kijejwe guharura amajwi, Ahmed Issack Hassan, yavuze ko kubera uburyo bw’ugusuzuma bukomeye buhari, ngo nta buryo bw’ukurondera guhindura ivyavuye mu matora bushobora kuhaba.

Ivyo Ahmed Issack Hassan, ayoboye urwego rujejwe amatora, mu gihugu ca Kenya, yabitangaje, ejo ku musi wa kane, inyuma yuko icegera ca Raila Odinga ahiganirwa amabanga y’umukuru w’igihugu, atangaje kw’igikorwa c’uguharura amajwi cotegerezwa guhagarikwa.

Kalonzo Musyoka yavuzeko ubusuma buriko buraba.

Hassan yatangaje kw’urwego rujejwe amatora, mu gihugu ca Kenya ,rudashobora guhagarika igikorwa c’uguharura amajwi.

Yamenyesheje uwariwe wese afise ibibazo, ku vyavuye mu matora, ashobora gukoresha uburyo bw’amategeko, bwategakanijwe n’ibwirizwa nshingiro rishasha, ry’igihugu ca Kenya.

Muri ico gihe, abacamanza, muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, barigijeyo urubanza rwa Uhuru Kenyatta, ari imbere ya Raila Odinga, mu majwi amaze guharurwa, mu matora y’umukuru w’igihugu, muri Kenya.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yatangaje, ejo ku musi wa kane, kw’urubanza rwa Kenyatta, rwari rutegekanijwe gutangura, kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kwa kane, rwigijweyo gushika kw’italiki icenda, z’ukwezi kw’indwi.
XS
SM
MD
LG