Uko wahagera

Kenyatta Ari Imbere Mu Majwi Gushika Ubu


Raila Odinga, afise ikarata yo gutora, ari kumwe na vice president Kalonzo Musyoka, I Nairobi, muri Kenya kw'igenekerezo rya 30 ry'ukwezi kwa mbere, umwaka w'2013.
Raila Odinga, afise ikarata yo gutora, ari kumwe na vice president Kalonzo Musyoka, I Nairobi, muri Kenya kw'igenekerezo rya 30 ry'ukwezi kwa mbere, umwaka w'2013.

Kenyattta, yitoje mu matora y’umukuru w’igihugu yagirizwa ivyaha bikomeye na sentare mpuzamakungu, niwe afise amajwi menshi, mu gihugu cose.

Mur’iki gihe, igice c’amajwi kimaze guharurwa, ibiharuro bitarangazwa icese, vyerekana kw’umushingantahe Kenyatta afise amajwi 53%, mu gihe umunyapolitike akomeye bariko barahiganwa, umushikiranganji wa mbere, Raila Odinga, afise amajwi 43%.
Abategetsi bavuga kw’ibiharuro vya mbere vy’amajwi yose, bihava bimenyekana uyu musi ku wa gatatu.

Abategetsi bajejwe gutunganya amatora, bavuga kw’amajwi ashika ibihumbi 330, yahanaguwe kubera atari yakwirikije amategeko agenga amatora.

Umuntu azotsinda ayo matora, azotegerezwa kuronka amajwi arenga 50%.

Abantu bihweza ibintu n’ibindi, bavuga kw’umushingantahe Kenyatta, ashobora kutazoshikana amajwi 50%, maze bikazoca bikenerwa ko haba amatora yo mu ncuro igira kabiri..
Umushingantahe Kenyatta, n’umuhungu wa president wa mbere wo mu gihugu ca Kenya, kandi niwe muntu wa mbere atunze cane muri Afrika yose.

Sentare mpuzamakungu imwagiriza ko yatunganije imirwi yakoze ibitero vyo kwihora ku banyagihugu bari bashigikiye umunyapoltike atavuga rumwe n’ubutegetsi, inyuma y’amatora yabaye mu mwaka w’2007.

Ico gihe, abanyagihugu barenga 1000, baragandaguwe, mu gihe abandi ibihumbi amajana n’amajana, bategerejwe guhunga ingo zabo.
XS
SM
MD
LG