Uko wahagera

Urupfu Rwa President Wa Venezuela, Hugo Chavez

  • VOA

Abanyagihugu bashigikiye Chavez, inyuma y'aho bumviye urupfu rwiwe

Abanyagihugu bashigikiye Chavez, inyuma y'aho bumviye urupfu rwiwe

President w’igihugu ca Venezuela, Hugo Chavez, yar'afise imyaka 58, yaraye yitavye umuremyi.

Yitavye umuremyi inyuma y’igihe kirekire yamaze ahanganye n’ingwara ya Cancer afise imyaka 58.

Vice president Nicolas Maduro yatangaje inkuru y’urupfu rwa Chavez ejo ku musi wa kabiri. Yarateye akamo abanyaVenezuela, kabasa kwigumya no kugira umwete, yongera arabasaba gufatana mu nda, kugira ngo bashobore kurangura iragi ry’umutegetsi wabo kizigenza.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Elias Jaua, yatangaje kw’igihugu cose kigiye kumwunamira mu gihe c’imisi indwi. Yavuze kw’umushingantahe Chavez azoba arashinguwe mu cubahiro c’umukuru w’igihugu, kw’ishule rya gisirikare, imbere y’uko haba ibirori vyo kumufuba ku musi wa gatanu.

President Chavez yaramaze igihe avurirwa mu gihugu ca Cuba ingwara ya Cancer, imbere y’uko atahukanwa ku murwa mukuru Caracas mu kwezi guheze.

Abategetsi bavuga ko yagize infection ikomeye, inyuma y’aho afatiye imiti ya Cancer bita Kimoterapie, ari mu bitaro vya gisirikare ku murwa mukuru Caracas.

Umushingantahe Chavez yar’afise ingwara ya Cancer yo musi y’umukondo
Kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, ntiyari bwasubire kuja ahabona, kandi ntiyari yagiye mu birori vyo gusubira kurongora igihugu, mu kindi kiringo mu kwezi kwa mbere, inyuma aho atsindiye amatora.

Vice president Maduro yarereze ibihugu vyansi vya Venezuela, kw’arivyo vyamuroze ingwara ya Cancer; Yamara ntiyatomoye ngo avuge ukuntu vyagenze.
XS
SM
MD
LG