Uko wahagera

Abanya Kenya Barasengeye Amahoro Imbere y’Amatora y’Umukuru w’Igihugu y’Uno musi ku wa Mbere


Abatora mu gihugu ca Kenya bariko barerekwa ukugene amasandugu y'amatora aza gukoreshwa mu matora y'uno musi ku wa mbere
Abatora mu gihugu ca Kenya bariko barerekwa ukugene amasandugu y'amatora aza gukoreshwa mu matora y'uno musi ku wa mbere
AbanyaKenya barasengeye amahoro, igihugu cabo, ejo ku musi w’Imana, mu gihe biteguriye gutora, uno musi ku wa mbere, kuva habaye uruhagarara n’ubwicanyi, vyakwirikiye amatora, vyahitanye abantu barenga igihumbi, haraheze imyaka itanu.

Abashikirizabutumwa, mu gihugu cose ca Kenya, bateye akamo k’uko amatora yoba mu mahoro.

Francis Wambua, wo mw’ishirahamwe ry’abagabo b’Abakatolika, Catholic Men’s Association, yatangaje kw’abasenga batari bake, bagendeye amasengero, barasengera amahoro n’ubumwe, mu gihugu, imbere y’amatora.

Morrsi Oduor, agurisha ibinyamakuru, mu gisagara ca Mombassa, yatangaje kw’atabwoba afise bw’uko uruhagarara n’ubwicanyi, vyabaye mu matora yabaye, imbere yaho, bizosubira kuba.

Haracari umwuka mubi ukomeye, mu gihugu, muri rusangi, abapolisi ibihumbi mirongo icenda n’icenda bakaba bararungitswe, mu gihugu cose.

Prezida agiye kurangiza ikiringo ciwe, Mwai Kibaki, hamwe n’abakandida bose bahiganirwa ,amabanga y’umukuru w’igihugu ,basavye kw’amatora yoba, mu mahoro.

Abahinganwa babiri ,bari imbere y’abandi, umushikiranganji wa mbere, Raila Odinga, n’icegera c’umushikiranganji wa mbere, Uhuru Kenyatta, bose bemeye kwubahiriza ibizoba vyavuye mu matora.
XS
SM
MD
LG