Uko wahagera

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry Yarashitse mu Gihugu ca Arabia Saudite


Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika,John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika,John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yarashitse ku murwa mukuru w’igihugu ca Arabia Saudite, Riyadh, inyuma y’urugendo yagize, I Cairo, ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, aho yemereye ico gihugu, iyindi nfashanyo y’amafranga.

Mu nama yagiranye na prezida w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, ejo ku musi w’Imana, Kerry, yatangaje ko Amerika izotanga, buno nyene, imiliyoni ijana na mirongo icenda z’amadolari, igice c’infashanyo y’imiliyoni amajana ane na mirongo itanu z’amadolari, agenewe guha inguvu itunganywa gushasha, ry’ubutunzi mu gihugu ca Misiri.

John Kerry yongeye atangaza kw’abategetsi ba Amerika, bazotanga iyindi miliyoni mirongo itandatu z’amadolari, agenewe gufasha abikorera ku giti cabo, n’abakiri bato, mu gihugu ca Misiri.

Ku ruhande rwiwe, Prezida wa Misiri, Mohamed Morsi yarahumurije Amerika, mu kuvuga ko Reta yiwe izoshira mu ngiro, itunganywa guushasha ry’inzego za politike, n’ubutunzi, kugira bifashe gukomeza umutekano, mu gihugu.
XS
SM
MD
LG