Uko wahagera

Igitero c’Amabombe Abujijwe Cahitanye Abantu Cumi mu Gihugu ca Syria


Amabombe Abujijwe Yakoreshejwe na Reta ya Syria mu Gisagara ca Aleppo
Amabombe Abujijwe Yakoreshejwe na Reta ya Syria mu Gisagara ca Aleppo
Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryatangaje kw’abantu cumi n’icenda bishwe, igihe indege z’ingwano z’igihugu ca Syria zakorora amabombe aziririjwe, hisunzwe amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryatangaje, ejo ku musi wa gatandatu kw’ico gitero cabaye, ku musi wa gatanu, mu gisagara ca Aleppo, mu buraruko bw’igihugu ca Syria, cakomerekeje abandi bantu barenga mirongo itandatu.

Umutegetsi w’ishirahamwe Amnesty international, ari ahabereye ico gitero, yavuze kw’ayo mabombe yakorowe, mu gice kibamwo abantu benshi. Ayo mabombe ashobora kwica abasivile benshi.

Igihugu ca Syria kiri, mu bihugu bitateye igikumu, ku masezerano y’ishirahamwe O-N-U, yo mu mwaka w’2010, aziririza ikoreshwa ry’ayo mabombe bita, “bombes a fragmantation” mu rurimi rw’igifransa.

Ku vyerekeye ayandi makuru, abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu, mu gihugu ca Syria, batangaje kw’ingwano ikomeye, ku nkengera z’igisagara ca Raqa, mu buraruko bw’igihugu ca Syria, yahitanye inteko za Reta ya Syria, n’abagwanya ubutegetsi, batari bake.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Syria, “The Syrian Observatory for Human Rights, ryamenyesheje, ejo ku musi wa gatandatu, kw’iyo ngwano yatumye abantu batari bake bahunga.
XS
SM
MD
LG