Uko wahagera

ElBaradei Ku Matora Yo Mu Gihugu Ca Misiri.


President Morsi ari kumwe n'umushikirangnaji ajejwe kwivuna abansi, Lt. Gen. Abdel-Fatah el-Sissi
President Morsi ari kumwe n'umushikirangnaji ajejwe kwivuna abansi, Lt. Gen. Abdel-Fatah el-Sissi

Umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta ya Misiri, yaraye ateye akamo gasaba kutitaba amatora y’abashingamateka.

Mohamed ElBaradei, ejo ku musi wa gatandatu, yaratangaje ko yanse kugira uruhara mu matora yatumweko na president Mohamed Morsi, mu ntango z’uku kwezi.

Umushingantahe Morsi yarateye akamo gasaba gutunganya amatora kuva kw’igenekerezo rya 27 ry’ukwezi kwa kane, yamara ejo ku musi wa gatandatu, abategetsi bo muri reta yiwe, baratangaje kw’ariko arihweza umugambi wo guhindura iyo tariki, inyuma y’aho abanywanyi b’umugambwe mutoyi w’abaChristu, utangarije kw’utemeye iryo genekerezo. Amatariki yari yashikirijwe, yari guhurirana n’akaruhuko k’amaChristu.

ElBarade, yahoze ar’umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe gukwirikirana ibigwanisho ruhonyanganda, yavuze kw’ayo matora, ar’uburyo bwo guhumya amaso abanyagihugu.

AbaIslamu, barashoboye gutsinda amatora yose yatunganijwe kuva aho Hosni Mubarack yahoze atwara igihugu ca Misiri, akuriwe.

Abandi banyapolitike batavuga rumwe na reta, ntibaratangaza niba bashigikiye ingingo y’umushingantahe ElBaradei.
XS
SM
MD
LG