Uko wahagera

Muri Mali, Ingwano Nshasha, Yarasubiye Kwaduka


Umusirikare w'umuFaransa ariko atana mu mitwe n'abarwanyi b'abaislamistes mu gisagara ca Gao, muri Mali
Umusirikare w'umuFaransa ariko atana mu mitwe n'abarwanyi b'abaislamistes mu gisagara ca Gao, muri Mali

Ingwano nshasha yaradutse mu ntara zibiri zo mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Iyo ntara niyo abasirikare b’abaFaransa hamwe n’abasirikare n’abanyaAfrika bariko baragerageza kwomoramwo abaislamiste mu bibanza bacumbitsemwo.

Umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya amerika, avuga kw’umurwi w’abaTuareg urwanya ubutegetsi, wariko uratana mu mitwe n’uwundi murwi utaramenyekana ejo ku musi wa gatandatu, hafi y’igisagara ca Tessalit.

Ku musi wa gatanu, ikibombe catezwe mu mudoka, caraturitse imbere y’ikampi y’umurwi MNLA, hafi y’igisgara ca Tessali, maze gihitana ubuzima bw’abantu batanu, barimwo abagabo babiri bikekwa ko bar’ abiyahuzi.

Ku musi wa gatanu kandi, president w’igihugu c’Ubufaransa, Francois Hollande, yaratangaje kw’abasirikare b’abaFransa hamwe n’abasirikare bo mu gihugu ca Tchad, bariko baratana mu mitwe n’abagwanyi mu mitumba yo mu ntara ya Ifoghas, hafi y’urubibe igihugu ca Mali gisangiye n’igihugu ca Algeria.

Yabwiye abamenyeshamakuru kw’abasirikare bibaza kw’abagwanyi bakora ibitero vy’iterabwoba bariko baragerageza kuja kwinyegeza mur’iyo ntara ya kure.

Ku musi wa gatanu, umusirikare w’intwazangabo ava mu gihugu ca Tchad, yaratangaje kw’abasirikare biwe 13 hamwe n’abagwanyi 65 b’abaIslamist, bishwe mu ngwano ikomeye, yabereye mu ntara ya Ifoghas.

Igihugu ca Chad gifise abasirikare bashika 1600 mu gihugu ca Mali.
XS
SM
MD
LG