Uko wahagera

Muri Tunisia, Reta Iragabisha Gutanga Imihoho


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Tunisia aha ikiganiro abamenyeshamakuru
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Tunisia aha ikiganiro abamenyeshamakuru

Abanyagihugu bo muri Tunisia ibihumbi n’ibihumbi, baragize imyiyerekano yo gushigikira umugambwe uri ku butegetsi, Islamist Ennahda.

Iyo myiyerekano ibaye mu gihe umushikiranganji wa mbere, Hamad Hebali, ariko aragabisha kw’ashobora gutanga imihoho, mu gihe reta y’abahinga bategamiye imigambwe, ariko arashikiriza, itokwemerwa.

Umushikiranganji wa mbere Jebali yabwiye iradiyo France 24 ejo ku musi wa gatandatu, kw’azoshikiriza reta nshasha mu ndwi iza, akaba yavuze kw’abashikiranganji bigenga bakenewe, kugira ngo bakure igihugu ca Tunisia mu kajagari kirimwo.

Yavuze ko yiteguriye gutanga imihoho mu gihe, iyo ngingo afashe itoshigikirwa na benshi.
Abanyapolitike batavuga rumwe na reta, barashimye ingingo yiwe yo kugena abashikiringanji bategamiye imigambwe, yamara abategetsi babiri bakomeye bo mu mugambwe uri ku butegetsi, Ennahda, bariyamirije iyo ngingo yiwe.

Iyo ngingo yatangajwe ku musi wa gatatu, inyuma y’aho umunyapoltike akomeye atavuga rumwe na reta, Chokri Belaid, arasiwe n’umuntu yitwaje ikigwanisho ataramenyekana, ahagaze imbere y’imuhira iwe.

Abanyagihugu bashigikiye umugambwe Ennahda, barakoraniye ku murwa mukuru Tunis ejo ku musi wa gatandatu, bariko bariyamiriza iyo ngingo yo kugena abashikiranganji bategamiye imigambwe.

Bariyamirije kandi igihugu c’Ubufaransa, bavuga ko cisuka mu vyerekeye igihugu ca Tunisia.
XS
SM
MD
LG