Uko wahagera

Umurwi w’Aba Marxiste mu Gihugu ca Turkiya Wariyitiriye Igitero ca Bombe Cagizwe kuri Ambassade ya Amerika


Abantu bahagaze hanze y'urwinjiriro rwa Ambassade ya Amerika I Ankara muri Turkiya
Abantu bahagaze hanze y'urwinjiriro rwa Ambassade ya Amerika I Ankara muri Turkiya
Umurwi w'Aba Marxiste, mu gihugu ca Turkiya wariyitiriye igitero ca bombe c’umyihevyi, cagizwe, ku musi wa gatanu, kuri Ambassade ya Amerika ku murwa mukuru w’igihugu ca Turkiya, Ankara, cahitanye umunya Turkiya yararira iyo ambassade.

Mw’itangazo ryashizwe kuri internet, ejo ku musi wa gatandatu, umurwi, “Revolutionary People’s Liberation Party Front, mu mfunyapfunyo, DHKP-C, wavuze ko Amerika ari igihugu kigandagura abantu kw’isi.

Uwo murwi watangaje kw’umwe mu bagwanyi bawo yagize igikorwa c’ukwitanga. Uwo murwi wavuze kw’uwagize ico gitero ca bombe kuri ambassade ya Amerika yitwa, Alisan Sanli, ukaba warerekanye ifoto yiwe afise ibigwanisho.

Amashirahamwe ajejwe gutangaza amakuru, mu gihugu ca Turkiya, yatangaje kw’abategetsi bafashe abantu batatu, ku bijanye n’ico gitero. Amakuru atangazwa avuga kw’abo bantu batatu bapfunzwe n’igipolisi, mu bikorwa cagize mu bisagara vya Ankara na Istambul.

Ku musi wa gatanu, abategetsi b’igihugu ca Turkiya batangaje ko biketse umurwi w’Aba Marxistes, DHKP-C, ku vyerekeye igitero ca bombe cagizwe kuri Ambassade ya Amerika.

Amerika n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, vyatangaje kw’umurwi DHKP-C ari umurwi ugira iterabwoba. Uwo murwi ,urwanya bikomeye uruhara rwa Amerika ku vyerekeye politike yo hanze y’igihugu ca Turkiya, ubonwako wagize uruhara, mu bitero bitari bike vyihaye inkumbi, mu kiringo c’imyaka itari mike irangiye.
XS
SM
MD
LG