Uko wahagera

Abarokotse Ihonyabwoko ry’Abayahudi Baributse Abahitanywe n’Iryo Honyabwoko mu kibanza ca Auschwitz n’Ahandi


Umushikiranganji wa Mbere w'Igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu Ariko Ashira Amashurwe ku Cibutso c'Ihonyabwoko ry'Abayahudi ca Yad Vashem mu Gisagara ca Jeruzalemu
Umushikiranganji wa Mbere w'Igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu Ariko Ashira Amashurwe ku Cibutso c'Ihonyabwoko ry'Abayahudi ca Yad Vashem mu Gisagara ca Jeruzalemu
Abarokotse kw’ihonyabwoko ry’Abayahudi, abategetsi b’Abanyepolitike, n’abayobozi b’amadini, baributse umusi mpuzamakungu w’ukwibuka ihonyabwoko ry’Abayahudi, ejo ku musi w’Imana, n’ibisabisho n’ukugabisha, ku vyerekeye kudasubira kurekurira amabi nkayo gusubira kuba.

Ibikorwa vy’ukwibuka ihonyabwoko ry’Abayahudi vyabereye mu bibanza, harimwo ikibanza ca Auschwitz-Birkenau, cahoze ari ikibanza AbaNazi biciramwo Abayahudi, mu bumanuko bw’igihugu ca Pologne, cahabujwe n’inteko z’Uburusiya, kw’italiki mirongo ibiri n’indwi z’ukwezi kwa mbere, mu mwaka w’1945.

Abantu umuliyoni n’ibihumbi ijana canke barenga, baragandaguwe, mu kibanza ca Auschwitz, benshi muribo Abayahudi.

Mu gisagara ca Varsovie, harabaye ibisabisho ku cibutso c’Abayahudi bagumutse, mu gisagara ca Varsovie, mu mwaka w’1943.

Papa Benedict yaragabishije amakungu kw’abantu bategerezwa kwama bari magabo, kugira ubwicanyi bufatiye ku rwanko ntibusubire kuba.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yariyemeje ku vyerekeye urugamba rw’ugutuma amakungu yirinda ihonyabwoko, mu gutera iteka Abayahudi imiliyoni zitandatu n’abandi bantu imiliyoni n’imiliyoni, atazo bazira, batakaje ubuzima bwabo, mu gihe c’ihonyabwoko ry’Abayahudi. Yavuze kw’umusi w’ukwibuka ihonyabwoko ry’Abayahudi, ari igihe c’ugufata ingingo.
XS
SM
MD
LG