Uko wahagera

Ubufransa Bwaragize Ibitero Bishasha mu Gihugu ca Mali, Bwongera Burungika Izindi Nteko Muri Ico Gihugu


Inteko z'Ubufransa Muri Mali
Inteko z'Ubufransa Muri Mali
Ibimodoka vya blind,e vy’igihugu c’Ubufransa, vyaravuye, ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali, Bamako, bikaba vyateye bigana uburaruko bw’igihugu, buri mu minwe y’intagondwa z’Aba Islamu.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Ann Look, yavuze kw’ivyo bimodoka vya blinde, bisa n’ibigiye gufasha, mu birindiro vy’inteko zUbufransa.

Ubufransa buriko burongereza inteko zabwo, mu gihugu ca Mali, aho buriko burungika ibimodoka vya blinde, bukogera bukaba buriko bugira ibitero vy’indege z’ingwano, ku bagwanyi mu gihugu ca Mali.

Look yatangaje kw’imodoka iajana z’Ubufransa zashitse, zivuye mu gihugu ca Cote d’Ivoire, ku musi wa kabiri, kw’izindi nteko ziriko ziza mu gihugu ca Mali, zivuye mu gihugu ca Chad n’Ubufransa.

Muri ico gihe, ivyaboba batangaje kw’indege z’ingwano, z’igihugu c’Ubufransa, zagize ibitero, mu gisagara ca Diabaly, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kabiri, amasaha makeyi, inyuma yuko abagwanyi b’AbaIslamu, bafashe ico gice, kiri ku bilemetrro amajana ane, mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Mali, Bamako. Ababa, muri ico gice, babwiye Ijwi rya Amerika, ejo ku wa kabiri, kw’igisagara ca Diabaly, cari kikiri mu minwe y’abo bagwanyi.

Abategetsi bajejwe kwivuna abansi, mu gihugu c’Ubufransa, batangaje kw’inteko z’Ubufransa, muri Mali, zizogenda ziriyongera ,gushika ku bihumbi bibiri n’amajana atanu.

Igihugu ca Nigeria gitangaza ko kiza kurungika inteko zaco za mbere, muri Mali, uno musi ku wa gatatu, mu gikorwa c’ukurungika inteko, zo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, gufasha igisirikare c’igihugu ca Mali, gusubira kwigarurira uburaruko bw’igihugu.
please wait

No media source currently available

0:00 0:01:20 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG