Uko wahagera

Imigambi y’Umurwi w’Abaririmvyi b’Umuziki wa Gospel, Seraphim’s Songs, Inyuma y’Agashimwe ka Kora Baronse mu mwaka w’2012.


Jean Francois Regis Hakizumukama and Joyeuse Clarissa Kaze of Seraphim's Songs Gospel Group

Jean Francois Regis Hakizumukama and Joyeuse Clarissa Kaze of Seraphim's Songs Gospel Group

Umurwi Seraphim’s Songs wastindiye agashimwe ka Kora kw’italiki murongo itatu z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka turangije w’2012 aho uwo murwi wabaye uwa mbere mu karere ka Afrika mu vyerekeye umuzi wa gospel.

Radiyo Ijwi rya Amerika ryarashoboye kuganira na Jean Francois Regis Hakizumukama ajejwe ivyerekeye amakuru mu murwi, Seraphim’s Songs na Joyeuse Clarissa Kaze, aririmba muri uwo murwi, mu kiganiro giha ijambo abakwirikirana ibiganiro vyayo, baravuga ukugene bakiye agashimwe ka Kora batsindiye, n’imigambi bafise inyuma yuko baronse ako gashimwe.

Tubatege amatwi:

Inyuma y’ico kiganiro, twaravuganye mu kiganiro c’umuziki n’abaririmvyi batatu b’umurwi, Seraphim’s Songs, Joyeuse Clarissa Kaze, Orlando Niyomwungere na Olivier Nduwimana, baravuga ku migambi yabo inyuma yuko batsindiye agashimwe ka Kora k’umwaka w’2012:

Tubatege amatwi:

XS
SM
MD
LG